umu amakuru- Inzoka nini cyane yahakije umuntu yahereye ku masahani muri Indonesia | Umusingi

Inzoka nini cyane yahakije umuntu yahereye ku masahani muri Indonesia

Please enter banners and links.

Inzoka nini y’isato yarangije ubuzima nabi iriwe n’abanya kigwati nyuma yaho yagira yirahire umuntu ahita arayica.

Umugabo ukora mu kigo gishinzwe umutekano Robert Nababan yahuye n’iyo nzoka mw’ishamba ry’ibigazi hafi y’ibarabara muri komine ya Batang Gansal muri Sumatra ku munsi wa gatandatu.

Bwana Nababan yariko arondera gufata iyo sato y’imetero 7.8, nkuko amakuru avuga.

Yaramuteye, munyuma uwo mugabo n’iyo nzoka baragwana, mu mperuka Bwana Nababan arayica afashijwe n’abanyagihugu.

Uwo mugabo yarakomeretse cane.

Iyo nzoka ntiyagize amahigwe nka Bwana Nababan – ikiziga cayo caciye kijanwa mu kigwati aho abantu baje kukiraba, munyuma kirahimbagugwa, kirakarangwa, kiraribwa.

Bwana Nababan yabwiye ikinyamakuru ca Indonesia Detik: “Nagerageje kuyifata, irankomora ku kiganza, munyuma dutangura kugwana.”

Uwo mugabo w’imyaka 37 ntiyasiguye igituma yagomba gufata iyo sato, ariko avuga ko hari abanyagihugu batashobora kujabuka ibarabara kubera iyo nzoka.

 

 

 

2,892 total views, 1 views today

About author

Related Articles

Leave a reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.